Uko wahagera

Libiya Yasohoye Imitahe ku Bakoreye Amabi Abimukira


Abimukira barokowe bari mw'ikambi y'abasirikare bakorera mu mazi i Tripoli muri Libiya
Abimukira barokowe bari mw'ikambi y'abasirikare bakorera mu mazi i Tripoli muri Libiya

Umushikirizamanza mukuru wa Libiya yatangaje kur’uyu wa gatatu ko igihugu ciwe casohoye imitahe yo gufata abantu barenga 200 b’Abanyalibiya hamwe n’abanyamahanga bagize uruhara mu rudandazwa rw’abimukira mu mpisho babatwara ku nkengera z’Uburayi.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru bitangaza ko mu baronderwa harimwo abajejwe umutekano, abarongoye amakambi yapfungirwamwo abimukira hamwe na bamwe mu bakozi bakorera Ambasade z’ibihugu vya Afrika muri Libiya.

Bimwe mu vyaha bagirizwa harimwo gutunganya ibikorwa mu gisata c’abimukira, kudandaza abantu, ubwicanyi no gufata abagore ku nguvu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG