Uko wahagera

Uburayi na USA Barahanganye kw'Itegeko ry'Amatagisi


Komiseri w'umuryango w'ubumwe bwa Buraya Cecilia Malmstrom aha ikiganiro abamenyeshamakuru i Buruseli, mu bu Birigi, itariki 7/03/2018.
Komiseri w'umuryango w'ubumwe bwa Buraya Cecilia Malmstrom aha ikiganiro abamenyeshamakuru i Buruseli, mu bu Birigi, itariki 7/03/2018.

Ibihugu bigize Umuryango w’ubumwe bwa buraya kuri uyu wa mbere vyemeye ko bizokwivuna abo bose bagomba kubatera ubwoba mu gushiraho amategeko yo kwikingira. Ni mu gihe Perezida Donald Trump agabisha gutoza amatagisi menshi ku mahinguriro y’ivyuma hamwe n’imiduga.

Komiseri w’ubwumwe bwa Buraya mu vy’ubudandaji, Cecilia Malmström, yagize ati "Duherutse kubona ingene amategeko yo kwikingira akoreshwa nk’ikirwanisho kugira badutere ubwoba. Ariko nta bwoba dufise kuri abo”. Yabishikirije ejo ku musi wa mbere ariko nyitadomye urutoke Reta zunze ubumwe z’Amerika canke Perezida Trump.

Nawe umushikiranganji w’Ubufaransa w’ubutunzi, Bruno Le Maire, yavuze ko badakeneye kwinjira mu ntambara yo guhanahana ibidandazwa, ariko bazokingira inyungu zabo mu vy’ubutunzi, amahinguriro yabo, hamwe n’ubuzi bwabo.

Yabishikirije mu kiganiro ishirahamwe ry’abakora mu nganda z’ivyuma ku mugabane wa Buraya ryahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere i Buruseli mu bubirigi.

Umuryango w’ubumwe bwa Buraya usaba ko nawo wokurwako ayo matagisi nk'uko vyagenze ku bihugu vya Canada na Mexique.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG