Uko wahagera

Amerika nta Gahengwe Izoha Koreya ya Ruguru


Mike Pompeo, umuyobozi w’ikigo CIA ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kijejwe iperereza hanze y’igihugu.
Mike Pompeo, umuyobozi w’ikigo CIA ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kijejwe iperereza hanze y’igihugu.

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi w’Imana baremeye ko ataco bazemerera igihugu ca Koreya ya ruguru, kandi bazobandanya baremera ubutegetsi bwaco naho hategekanywa umubonano hagati ya Perezida Donald Trump na Perezida Kim Jong wa Koreya ya ruguru.

Mike Pompeo, umuyobozi w’ikigo CIA ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kijejwe iperereza hanze y’igihugu, yavuze ejo kuw’Imana ko Amerika ititeguye gukora ikosha mu gihe ibiganiro bizoba vyatanguye.

Pompeo yavuze ko umutegetsi wa Koreya ya ruguru abwirizwa kwemerera Amerika ikabandanya imyimenyerezo ya gisirikare na Koreya y’epfo kandi akemera ko baganira ku kuvavanura n’umugambi w’ibirwanisho ruhonyanganda.

Umuvugizi mu biro vy’umukuru w’igihugu White House Raj Shah yabwiye televiziyo ABC News, ati" Perezida ntazofata politike yo kunanirwa nk’iyafashwe mu myaka iheze, aho ibiganiro vyabangabanganwa no gutezurira ibihano. Ati politike yacu ni ugusatira. Ugusatira kuva ku bihugu ducuditse kw’isi, ugusatira kw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’Ubushinwa."

Yongera ati, "Ibi vyaragize ico bihindura ku nyifato ya Kim Jong Un. Ati twizeye ko uku kuremera ico gihugu bitagiye guhagarara mu mezi ari imbere kandi bizohindura ingendo ya Koreya ya ruguru."

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG