Uko wahagera

Kameruni: Abavuga Icongereza Bahawe Ibibanza muri Reta


Perezida Paul Biya wa Kameruni
Perezida Paul Biya wa Kameruni

Philémon Yang, aturuka mu gice ca Kameruni gikoresha icongereza, niwe yagenywe na Perezida Paul Biya, nk’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu. Paul Atanga Nji, nawe agenwa mu mwanya w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Urwandiko rwagenye Atanga Nji, rutomora ko muvyo azoba ajejwe harimwo “ ugukurikiranira hagufi ukwigenga kw’igihugu n’ivyo vyose vyerekeye amatora.

Atanga Nji ari mu bambere bavuze ko abakoresha ururimi rw’icongereza badaserukiwe bihagije mu nzego.

Iyindi myanya ikomakomeye Perezida Biya yahaye abakoresha ururimi r’icongereza, ni umwanya w’icegera c’umunyamabanga mukuru wa Reta, ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, n’ubushikiranganji buraba ivy’inyigisho mu mashure yisumbuye.

Ubushikiranganji buraba ivy’amashure yisumbuye buri mu bwa mbere Reta iha amafaranga menshi yo gukoresha.

Haraheze imyaka, hari ukutunvikana hagati y’abakoresha ururimi rw’icongereza n’igifaransa. Abakoresha icongereza basaba kwigenga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG