Uko wahagera

Perezida Trump Yunamiye ubwa Nyuma Billy Graham


Perezida w'Amerika Donald Trump, ibubamfu asezera ubwa nyuma umuvuga butumwa Billy Graham mu ngoro y'inama nshungamateka Washington, itariki 28/02/2018
Perezida w'Amerika Donald Trump, ibubamfu asezera ubwa nyuma umuvuga butumwa Billy Graham mu ngoro y'inama nshungamateka Washington, itariki 28/02/2018

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa gatatu yarongoye abandi bategetsi bo mu nama nshingamateka mu muhango wo kwunamira ubwa nyuma ikiziga c’umuvuga butumwa w’Umunyamerika Billy Graham, aheruka kwitaba Imana mu ndwi iheze afise imyaka 99.

Mur’uyo muhango wabereye mu ngoro y’inama nshingamateka, i Washington DC, Trump yavuze ko ubuzima bwa Billy Graham hamwe n’ubutumwa bwiza yashikirije vyahinduye Amerika, hamwe n’isi yose.

Umuryango wa Graham wari wifatanije n’abashingamateka, Trump hamwe n’umutambukanyi wiwe Melania Trump, mur’uyo muhango. Abanyagihugu bose bavyipfuza baciye bahabwa umwanya wo kumwunamira ubwa nyuma.

Billy Graham yabaye umuhanuzi mu vy’idini w’abaprezida batwaye Amerika kuva kuri Harry Truman mu myaka yo mu za 40 gushika kuri Prezida Barack Obama mu myaka ya vuba. Graham yarasabwe gusenga canke kuvuga ubutumwa mu birori bikomeye muri Amerika nko mu kurahiza abakuru b’ibihugu.

Graham yashikirije ubutumwa abantu barenga imiliyoni 200 mu bihugu n’intara 185 vyo kw’isi. Yaragirishije ibikorane bikomeye vyitabiriwe n’abantu ibihumbi n’ibihumbi, ashikira abandi imiliyoni n’imiliyoni biciye kuri televiziyo na satellite.

Bitegekanijwe ko Billy Graham ashingurwa kur’uyu wa gatanu mu gisagara ca Charlotte, muri reta ya Carolina ya ruguru, aho Trump ategekanya kuzoba ari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG