Uko wahagera

USA: Abanyeshure Baranegura Amategeko Ashigikira Inkoho


Abanyeshuri bo kw'ishuri "Marjory Stoneman Douglas High School" bariyamiriza abanyepolitike ku kibazo c'intwaro.
Abanyeshuri bo kw'ishuri "Marjory Stoneman Douglas High School" bariyamiriza abanyepolitike ku kibazo c'intwaro.

Abanyeshure biga kw’ishure ryo muri reta ya Florida muri Amerika barahiye ko batazoguma mu gacerere ku bijanye n’ikibazo c’abantu babandanya kwicwa hakoreshejwe inkoho. Abantu 17 barishwe barashwe kw’itariki 14 y’uku kwezi kwa kabiri.

Umwe muri abo banyeshure ni Emma Gonzalez. Uwo munyeshure yafashe iya mbere mu kunegura amategeko ya reta ya Amerika yerekeye uburenganzira abantu bahabwa bwo gutunga inkoho.

Uwo mwigeme yiyamirije abanyepolitike harimwo na Prezida Donlad Trump, yakiriye intererano yahawe n’ishirahamwe rishigikira uburenganzira bwo gutunga inkoho, The National Rifle Association. Iyo ntererano Trump yayakiriye mu gihe yariko yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Ku bwa Prezida Trump, yagiriza ibiro FBI bijejwe gukurikirana inyamiramabi kuba bitafashe nka nkama amakuru bari bafise ku munyeshure yarashe bagenzi biwe, yari gushobora gufasha mu gukinga igitero cagizwe kw'ishure rya Parkland.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG