Uko wahagera

USA: Polisi Ivuga ko Nicholas Cruz Wishe 17 Yemeye Ivyaha


Abantu bari mu cyunamo muri reta ya Florida muri Amerika
Abantu bari mu cyunamo muri reta ya Florida muri Amerika

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umusore witwa Nikolas Cruz, afise imyaka 19 yagirizwa kuba yisha abanyeshule 17 yategetswe kugumizwa mu nvuto, ku musi wa kane. Ni mu nyuma y'uko aserutse muri sentare muri reta ya Florida mu gihe gitoyi.

Uwumuburanira ntiyahakanye ibisabwa n’abashikirizamanza vyuko agumizwa mu munyororo mu gihe arindiye urubanza rwiwe. Umucamanza, Kim Theresa Mollica, yabwiye Cruz ko yagirijwe ivyaha bikomeye cane rwose. Abishwe bose, abanyeshule 14 n’abigisha 3 baramenyekanye. Barimwo n’abanyeshule bafise imyaka 14, n’abigisha bagerageje gikingira abanyeshule babo.

Nikolas Cruz yaserutse muri sentare amasaha makeyi inyuma y'uko prezida wa Amerika, Donald Trump, ashikirije ijambo mu biro vyiwe ku bwicanyi bo muri Reta ya Florida. Yavuze ko yashikirije ijambo abanyagihugu bagandaye.

Prezida Trump yatangaje kw’azobonana vuba n’abategetsi bavuye mu mihingo yose y’igihugu, kugira baganire ku bibazo gikomeye c’uburwayi bwo mu mutwe. Ivyo ni mu ntumbero y’ukwirinda ubundi bwicanyi bukabije nk’ubwabaye muri Reta ya Florida ku musi wa gatatu w’iyi ndwi.

Prezida Trump yavuze kw’umutekano ku mashule mu gihugu ari ikintu bazoshimikirako kurusha ibindi. Yamara ntaco yigeze avuga ku vyerekeye gufata ingingo zikomeye z’ukutarekurira uwariwe wese gushobora kugura inkoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG