Uko wahagera

Libiya: Abimukira Barenga 20 Barapfuye mw'Isanganya y'Imodoka


Abimukira b'Abanyafrika Barindiriye Kwiyandikisha ku biro vya Immigration
Abimukira b'Abanyafrika Barindiriye Kwiyandikisha ku biro vya Immigration

Abimukira baharurwa muri 20 barapfuye abandi barenga 100 barakomereka muri Libiya kur’uyu wa gatatu igihe ikamyo barimwo yagira isanganya hafi y’igisagara ca Bani Walid, kiri ku birometero 170 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Tripoli, nkuko vyashikirijwe n’umuyobozi w’ibitaro vyo mur’ico gisagara.

Abimukira barenga 300, benshi bamuka muri Eritrea na Somaliya, bari mur’iyo modoka igihe yatembagara mu gatondo, ku birometero 60 vy’igisagara ca Bani Walid.

Umuyobozi w’ivyo bitaro, Mohamad al-Mabrouk, yashikirije ko abimukira 19 baciye bapfa, harimwo abagore hamwe n’umwana umwe. Muri rusangi 124 barakomeretse.

Umwe mur’abo bakomeretse yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko uwo murwi w'abimukira wandurutse uva mu gisagara ca Bani Walid bagira ku nkengera zaco, mu buraruko kugira bajabuke ibahari meditarane mu ntumbero yo kuja mu Butaliyano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG