Uko wahagera

ONU: Ibwirizwa Shingiro ry'Uburundi Si iry'Abanyagihugu Bamwe


António Guterres
António Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yaranebaguye bikomeye cane umugambi wa perezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza w’uguhindura Ibwirizwa Shingiro mu bishobora gutuma aguma ku butegtetsi mu kindi kiringo c’imyaka cumi canke irenga.

Ivyo vyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, kur'uyu wa gatatu.

Yatangaje ko abari mu mirwi y’abatavuga rumwe na reta hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu Burundi bategerezwa kugira uruhara ku ngingo iyo ari yo yose igenewe guhindura ibwirizwa shingiro. Ivyo kugira ntibitume haba iyindi ntambara mu gihugu.

Muri raporo yashikirije urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, Guterres amenyesha ko ari uburenganzira bw’igihugu cigenga bwo guhindura ibwirizwa shingiro. Yamara avuga ko igikorwa gikomeye nk'ico gitegerezwa kugirwamwo uruhara n’abanyepolitike bose bashobotse kandi bikaba mu buryo bwumvikanyweko.

Bitegakanijwe ko urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi ruganira ku cegeranyo c’umunyamabanga mukuru, Antonio Guterres kw’italiki 26 z’ukwezi kwa kabiri.

Perezida Nkurunziza yatanguje isekeza ry’ukugirisha referandumu kw’ibwirizwa shingiro rishasha mu kwezi kwa gatanu mur’uyu mwaka w’i 2018.

Benshi mu bayoboye abatavuga rumwe na reta barihojeje ibiganiro ku vyerekeye guhindura ibwirizwa shingiro canke barerekana impungenge ku bijanye n’ukwubahiriza amategeko kw’iyo ngingo.

Ambasaderi w’Uburundi mw’ishirahamwe ONU, Albert Shingiro yabwiye itorokanirizo ry’amakuru ry’abafransa AFP, ko atasomye icegeranyo c’umunyamabanga mukuru wa ONU.

Yamara yatangaje kw’ibinebaguro ivyo arivyo vyose kw’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro mu Burundi ari ukurenga ku bwigenge bw’igihugu hisunzwe amasezerano ishirahamwe ONU rigenderako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG