Uko wahagera

ONU: Ba Ambasaderi b'Afurika Bashavujwe n'Ivyo Vyaratangajwe na Trump


Anatolio Ndong Mba ni ambasaderi wa Guinee Equatorial mu muryango w'abibumbye i New York
Anatolio Ndong Mba ni ambasaderi wa Guinee Equatorial mu muryango w'abibumbye i New York

Mu muryango w’abibumbye I New York, ba Ambasaderi b’ibihugu vy’Afurika , babonanye n’uwa Reta zunze ubumwe za Amerika, Nikki Haley. Bavuganye ku majambo Perezida Donald Trump yoba yavuze ku vyerekeye ibihugu vyo muri Afrika. Amakuru yatangajwe ni uko Trump yoba yoravyise ibihugu vy’amazirantoki.

Ambasaderi w’igihugu ca Guinee Equatoriale, Anatolio Ndong Mba, ayoboye umurwi w’abambasaderi 54 bo muri Afurika muri ONU, yatangarije Nikki Haley ko haba ingaruka ku vyoba vyatangajwe na Perezida Trump.

Mu ndwi iheze, abambasaderi b’Abanyafurika muri ONU bavuze kw’ivyatangajwe na Prezida Trump ar’agahomerabunwa kandi vyerekana urwanko ku banyafrika. Bamumenyesheje kw’asaba ikigongwe kandi asubira kuvyo yatangaje.

Ambasaderi Ndong Ba yatangaje kw’inama na ambasaderi wa Amerika muri ONU, Nikki Haley yagenze neza.

Abambasaderi b’ibihugu vy’Afurika bakorera i Washington barabonana uno musi ku wa gatanu kugira bafate ingingo ku kugene bokwishura ku bivurwa ko vyatangajwe na Perezida Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG