Uko wahagera

Abantu Bashika 12 Bishwe n'Abiyahuzi muri Nijeriya


Abatabara batwaye ikiziga c'uwishwe n'umwiyahuzi i Maiduguri, Nigeria, Italiki 24, ukwezi kwa ndwi, 2017.
Abatabara batwaye ikiziga c'uwishwe n'umwiyahuzi i Maiduguri, Nigeria, Italiki 24, ukwezi kwa ndwi, 2017.

Abantu bashika kuri 12 bishwe kur’uyu wa gatatu mu bitero bibiri vy’abiyahuzi mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Maiduguri muri Nijeriya.

Amakuru Ijwi ry’Amerika, serevise Hausa yashoboye kuronka avuga ko ivyo bisasu vyaturikiye ahitwa Muna ku murwa mukuru wa reta ya Borno, ahari isoko iremamwo ahanini abateshejwe ingo zabo bava mu kambi yo hafi y’aho.

Ababibonye bavuga ko umwe mu bakoze ico gitero yari umugore.
Nta muhari uremanga ko ariwo wagikoze, ariko Boko haram niwo umenyerewe ugaba ibitero nk’ivyo aho i Muna kandi umenyerewe ukoresha abagore bakiri bato hamwe n’abigeme b’abiyahuzi.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG