Uko wahagera

Ubwongereza Busabwa Kwongereza Intererano yo Gufasha Abimukira


Perezida Emmanuel Macron avugana n'umwimukira Ahmed Adam, akomoka muri Sudani
Perezida Emmanuel Macron avugana n'umwimukira Ahmed Adam, akomoka muri Sudani

Ubufaransa bwiteguriye gusaba Ubwongereza kwongereza intererano yabwo mu bikorwa vyo kwitaho uruja n’uruza rw'abimukira hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Ni mu gihe abatari bake mu bimukira batera bagana mu Bwongereza baciye ku butaka bw’Ubufaransa ku kivuko c’ahitwa Calais.

Kuri uyu wa kabiri Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yaragendeye akarere ka Calais aho yagendeye ibigo vyakiriye abimukira.

Macro yiteguriye kandi gushira ahabona itegeko rishasha rigenga abimukira. Ibitigiri vy’abimukira vyashizwe ahabona muri ino ndwi vyerekana ko mu mwaka w'i 2017 abantu barenga ibihumbi ijana basavye ubuhingiro mu Bufaransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG