Uko wahagera

Libiya: Imirwano Ikomeye Yahitanye 20 i Tripoli


Ugutana mu mitwe gukomeye hagati y’abasirikare ba reta ya Libiya hamwe n’abayirwanya ku kibuga c’indege mpuzamakungu kwahitanye 20 abandi barenga 60 barakomereka kur’uyu wa mbere.

Ikibuga c’indege c’i Mitiga i Tripoli cari cugawe ku musi wa mbere gushik’ubu ntibiramenyekana igihe kizosubirira kwugurura.

Reta ya Libiya yemewe n’amakungu ivuga ko mur’ico kibuga c’indege cari gifungiwemwo abantu barenga 2500 bagirizwa ivyaha bitandukanye.

Reta ivuga ko ico gitero cari kigamije kubohoza abakora iterabwoba b’imihari ya reta ya kiyisilamu na al-Qaida hamwe n’abo iyindi mihari bari bahapfungiwe.

Nta muhari n’umwe uremanga ko ariwo wagavye ico gitero kandi n’igitigiri c’abapfuye n’abakomeretse ntikiramenyekana neza.

Libiya cinjiye mu rihagarara rwa politike n’ibihe vy’ubutunzi bigoye kuva aho Moammar Gadhafi yiciwe mu mwaka wa 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG