Uko wahagera

Raporo ya Sena y'Amerika Irega Uburusiya Guhungabanya Amatora


Inyukabwa ya sena ya reta zunze ubumwe z'Amerika
Inyukabwa ya sena ya reta zunze ubumwe z'Amerika

Uburusiya bwahakanye raporo ya Sena ya Reta zunze ubumwe za Amerika ibwagiriza kwivanga mu matora ahitiye muri Amerika mu ntumbero yo guhungabanya demokarasi.

Uburusiya buvuga ko ivyo vyagiriji ataho bishingiye kandi bitosekaza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Abasenateri bo mu mugambwe w’amademokrate ku musi wa gatatu baragabishije bavuga ko ivyo bikorwa vyo guhungabanya demokarasi vyabaye kandi n’inyuma y’amatora kandi bagiriza perezida Donald Trump kuba ataco yakoze ngo abihagarike.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane, akoresheje telefone, umuvugizi wa reta y’Uburusiya, Dmitry Peskov yavuze ko batigeze bivanga mu mur'ayo matora kandi ko ivyo ari ibirego bitagira ifatiro.

Iyo raporo kandi iravuga ubwicanyi bukorerwa abatavugarumwe na Perezida Vladimir Putin, imwagiriza kandi gutwaza igikenye, iterabwoba hamwe no guteza intambara mu bindi bice vy'isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG