Uko wahagera

Abashika 15 Barishwe n'Ivyondo vy'Imisozi muri Californiya


Abatabara bariko bagerageza gufasha abantu baguweko n'inzu mu gisagara ca Montecito, muri Reta ya Californiya.
Abatabara bariko bagerageza gufasha abantu baguweko n'inzu mu gisagara ca Montecito, muri Reta ya Californiya.

Imyuzure y’amazi ivanze n’ivyondo vy'imisozi yasenyutse vyarishe abantu bashika kuri 15, bisambura amazu ataramenyekana igitigiri mu buraruko bw’igisagara ca Los Angeles, muri reta ya Californiya, Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Abantu bashika kuri 17 bariko barondera abo borokora nabo barabuzwe irengero kur’uyu wa gatatu. Abategetsi mur'ako karere batangaje ko gushik’ubu batazi aho bari.

Imvura yaguye mu gatondo ka kare ku musi wa kabiri yasenyuye imisozi, amabarabara yuzura ivyongo, ku buryo hakoreshejwe za kajugujugu n'imbwa mu gutabara abagotewe mu mazu.

Abategetsi bavuga ko amazu atari make yasenyutse ayandi arononekara bikomeye.

Benshi mu bapfuye bavugwa ko ar’abo mu mihana y’ahitwa Montecito, agace kabamwo abatunzi, aho amabarabara yacitse inzuzi z’ivyondo ayandi azibirwa n’ibitandara vy’amabuye.

Imiriro yo mu kwezi kwa cumi na kabiri yaturiye yongera iratongora amahegitare y’ibiti hamwe n’ivyatsi vyari kuzibira amazi y’imvura ava mu misozi mu buraruko bwa Los Angeles.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG