Uko wahagera

Abimukira Bashika 100 Barabuzwe Irengero muri Mediterane


Abimukira baharurwa hagati ya 90 n’100 barabuzwe irengero mw’ibahari Mediterane inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiye ku nkengera za Libiya, ivyo vyatangajwe kur’uyu wa kabiri n’abasirikare ba Libiya bacungera inkengera z’amazi bisunze amakuru bahawe n’abarokotse.

Jenerali Ayoub Kacem avugira igisirikare ca Libiya gikorera mu mazi yavuze ko ubwo bwato bwarimwo abarenga 100, ariko 17 gusa barimwo abagore nibo bashoboye gutabarwa.

Avuga kandi ko bwibiriye ku nkengera z’igisagara ca al-Khoms kur'uyu wa kabiri, ku bilometero 100 uva mu buseruko bw’umurwa mukuru Tripoli.

Abasirikare ba Libiya bagenzura amazi bongeyeko ko abandi bimukira 267 bamuka mu bihugu butandukanye vya Afrika bari mu bwato bubiri batabawe bagira bashike ku mpfiro ku nkengera z’igisagara Zawiya, ku bilometero bishika 50 mu burengero bwa Triploli.

Mu mwaka w’2017, abimukira bashika 3116 barapfuye canke baraburwa irengero bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane, ku nkengera za Libiya, nkuko bimenyeshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG