Uko wahagera

HCR Yatanguye Gutahukana Impunzi zo mu Ntambara muri Darfur


Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku mpunzi, HCR ryatanguye gutahukana impunzi z’Abanyesudani bari muri Republika ya Centrafrika ku bushake bwabo mu ngo bahunze haraheze imyaka irenga cumi.

HCR ivuga ko umurwi wa mbere ugizwe n’impunzi zirenga 230 zashitse ku kibuga c’indege c’i Nyala muri Sudani bavuye mu kambi y’i Bambari muri Centrafrika.

HCR ivuga ko izotunganya izindi ngendo z’indege 66 kugira itahukane izindi mpunzi 1,300 mu ngo zabo mu ntara ya Darfur imbere yuko umwaka urangira.

Izo mpunzi zabaye mur’iyo kambi y’i Bambari kuva zihunga intambara hagati y’abasirikare ba reta ya sudani hamwe n’imihari yitwaje ibirwanisho mu bumanuko bwa Darfur.

Iyo ntambara muri Darfur, yatanguye mu mwaka wa 2003, yishe abantu baharurwa mu bihumbi, abaharurwa mu miliyoni bahungira mu gihugu hagati abandi hanze yaco.

Inkuru dukesha Lisa Schlein, umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Geneve ku cicaro ca HCR.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG