Uko wahagera

RDC: Abayoboke ba Zebiya Ntibumvikana na HCR


Abarundi bahungiye mu kambi mu gisagara ca Kamanyola, RDC
Abarundi bahungiye mu kambi mu gisagara ca Kamanyola, RDC

Impunzi zirenga 2000 z’Abarundi baba mu kambi y’imfatakibanza mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo zaranse kwandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none bwa "biométrique", ku mvo zijanye n’ukwemera kwabo.

Izo mpunzi zirarahira zikarengwa ko zitarota zibikora n'aho habaye ihimiriza ryakozwe n’igisata cita ku mpunzi muri Kongo gifatanije na HCR ku matariki ya ari hagati 24 ya 27 z’ukwezi kwa cumi na kumwe mu gisagara ca Kamanyola.

Ivyo bishikirizwa na Augustin Bulimuntu, arongoye igisata CNR cita ku mpunzi i Bukavu, umurwa mukuru wa Kivu y’ubumanuko.

Umurundi Dionise Nyandwi avugira izo mpunzi avuga ko ukwemera kwabo kubabuza kwiyandikisha hakoreshejwe ubwo buryo.

Mwomenya ko benshi mur’izo mpunzi ari abayoboke b’umuvugishwa Zebiya, yemeza ko yabonekewe na bikira Mariya mu Buraruko bw’Uburundi.

Bahunganye na Zebiya mu gisagara ca Kamanyola, hahana urubibe n’Uburundi mu mwaka wa 2015, bavuye I Businde.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG