Uko wahagera

Abongereza Bifatanije na ISIS Basabirwa Kwicwa


Abarwanyi ba ISIS
Abarwanyi ba ISIS

Abanyagihugu bafise ubwenegihugu bw’Ubwongereza barwana ku ruhande rw’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu bakwiye kumenyekana aho bari bakicwa aho kwemererwa gusubira mu gihugu.

Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kane n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, Gavin Williamson.

Ubwongereza bugereranya ko Abanyagihugu 800 bafise igitabo c’inzira ca Paseporo y’ico gihugu aribo bagiye kurwana muri Iraki na Siriya, 130 barishwe abandi bashika 400 baratahutse mu gihe 270 bakiri mu karere k’Abarabu.

Gavin Williamson, yashikiriye amabanga y’ubwo bushikiranganji mu kwezi guheze, yemeye ko abarwanyi bagiye mu bindi bihugu bakurikiranirwa hafi kugira ntibasubire kwemererwa gutahuka mu Bwongereza.

Ivyo yabishikirije haheze amasaha make abagabo babiri barengukishijwe imbere y’ubutungane bagirizwa gushaka kugandagura umushikiranganji wa mbere Theresa May.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG