Uko wahagera

Amakungu Ntashigikiye Yerusalemu Kuba Umurwa mukuru wa Isirayeli


Ingingo yafashwe kur’uyu wa gatatu na Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yo kwemeza Yerusalemu nk’umurwa mukuru wa Isirayeli yiyamirijwe n’amakungu havuyemwo Isirayeli. Nguku uko bavuga:

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu arashimwa iyo ngingo.

Umukuru wa Palestina Mahmoud Abbas avuga ko Amerika isambuye umugambi w’amahoro yagizemwo uruhara rukomeye mu myaka iheze.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ryishinze kubohoza Palestina (OLP), Saëb Erakat, nawe avuga ko Trump aburijemwo umugambi wariko uriyumvirwa wa reta zibiri nk’inyishu y’amatati mur’ako karere.

Arabiya Sawudite kimenyesha ko kibabajwe cane n’iyo ngingo itiyumviriweko imbere yuko ifatwa, gitako kiragabisha ku ngaruka mbi ishobora gutera. Gisaba Reta y’Amerika kwisubirako kuko bitar’uko ngo bigiye kwunyura ibintu mur’ako karere.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire we yavyise agasomborotso kazotuma haduka intambara hamwe n’ubwicanyi buvanze n’iterabwoba rikabije. Avuga kandi ko iyo ngingo ya Trump iciye kubiri n’ivyemezo vyafashwe n’amakungu ku bibazo hagati ya Isirayeli na Palestina.

Ibindi bihugu vyamiriye kure iyo ngingo ni Yorodaniya, Turukiya, Tuniziya, Siriya, Libani.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres nawe ati: Umuti w’ibibazo mur’ako karere ukwiye gutorwa na Isirayeli hamwe na Palestina vyonyene.

Umuryango w’ubumwe bwa Buraya, ubicishije ku wujejwe imigenderanire, Federica Mogherini avuga ko ata nkeka bizobangamira amahoro.

Emmanuel Macron arongoye Ubufaransa ati: "birababaje", agasaba ko bitoba intandaro y’Ubwicanyi. Yipfuza ko Isirayeli na Palestina vyobana nk’ibihugu bibiri vyigenga.

Reta y’Ubudagi ibicishije ku muvugizi wa Chanseliye Angela Merkel ariwe Steffen Seibert, ivuga ko idashigikiye iyo ngingo.

Theresa May, w’Ubwongereza ati: "kwemeza Yerusalemu nk’umurwa mukuru wa Isirayeli ntaco bije gufasha mu mugambi w’amahoro mur’ako karere".

Ubutaliyano nabwo nyene ni uko ndetse na Canada gisanzwe ari soma mbike na Isirayeli yemeza ko umuti w’indyane hagati ya Palestina na Isirayeli ukwiye kubonerwa mu biganiro, vyashikirijwe na Chrystia Freeland, umushikiranganji wa Canada ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Ibihugu vy’Abarabu n’Abayisilamu vyagabishije ko bishobora kuvyura uruhagarara mur’ako karere no kubangamira utwigoro twa Amerika two guhuza Abarabu na Isirayeli.

Abanyepalestina bahamagariye abanyagihugu babo mu misi itatu yo kwiyamiriza uwo mugambi wa Trump.

Papa Faransisiko yashikirije ashimitse amakenga kur’iyo ngingo, mu gihe Turukiya yatumyeko inama y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Abarabu kugira barabire hamwe ico bagiye gukora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG