Uko wahagera

Arusha: Imitahe Mpuzamakungu ni Ikibazo Kiremereye mu Biganiro


Jean Minani Urongoye urunani CNARED, ruvuga ko rutatumiwe na Perezida Benjamin Mkapa
Jean Minani Urongoye urunani CNARED, ruvuga ko rutatumiwe na Perezida Benjamin Mkapa

Imitahe mpuzamakungu y’ubutungane yarungitswe na Reta y’Uburundi, ikarungikirwa abatavugarumwe nayo bakekwako ivyaha bitandukanye n’ikibazo cabaye akananirabahinga. Vyemezwa n’abari mumigwi itandukanye y’abari mu biganiro.

Bamwe bifuza ko iyo mitahe yokurwaho maze abayirungikiwe bagataha gutunganya imigambwe yabo no kubaka igihugu hamwe no kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020. Uruhande rushigikiye ico ciyumviro rusigura ko iyo mitahe yatanzwe mu kivunga kandi mu bihe bitoroshe.

Naho biruko, abandi suko babibona. Bemeza ko ubutungane bubwirizwa gukora akazi kabwo kandi ko umuntu azohanwa kugatwe kiwe. Bavuga ko atakigongwe c’ikivunga gishobora guhabwa abashatse gutembagaza ubutegetsi. Bongerako ko bigoye kuko hari abamaze gucirirwa imanza bagakatirwa n’ibihano.

Ku ruhande rw’amashirahamwe yigenga naho, bifuza ko hoshirwaho umugambi w’igihugu utomoye wo gukingira umutekano abanyagihugu bose atakuvangura.

Bifuza kandi ko hokwigwa uburyo bw’uko hatosubira kubaho impunzi zihunga igihugu, ingene umuntu wese yokwiyumva ko umutekano wiwe ucungerewe hamwe n’ukudasubira gufata no gufungira abantu ubusa.

Imigwi yose ukwari 5 abo banyepolitike n’amashirahamwe yigenga bishiriyeho ibwirizwa gutegura urwandiko rurimwo umuti w’ingorane ziri mu gihugu. Aho bafatira ku ngingo 8 bahawe n’umuhuza zifatwa nk’intandaro hamwe n’ingarukambi z’indyane za politike zihari.

Murizo ngingo harimwo ibijanye n’ingene umutekano wifashe, kurwanya ubugizi bwa nabi iyo buturuka hose, kurwanya ukudahana ivyaha, amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro. Harimwo n’ibindi bifatiye kugushiraho icuka ciza ca politike, ikibazo c’impunzi, reta y’ubumwe, ubutunzi n’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu.

Therence Ntahiraja arongoye izo ntumwa za reta y’Uburundi yashikirije mu mugwi arimwo ko badashobora kwemera ko inzego zavuye mu matora yo mu mwaka w’2015 zivaho. Yemeje ko kwoba ari ukuvuguruza ingingo yafashwe n’abanyangihugu mukwitorera abo bashaka. Iyo ngingo ngo ni ntabanduka.

Abatumire n’ubu barabandanya gushika. Kuri uyu wagatatu mw’ijoro hashitse Domitien Ndayizeye yahoze atwara igihugu. Aje kwongereza igitigiri mu mugwi w’abahoze ari abakuru b’igihugu kuko hariyo Sylvestre Ntibantunganya wenyene. Hashitse kandi abo mu runano RANAC n’abaserukira umugambwe FEDES Sangira.

Bitegekanijwe ko kuri uyu wa gatanu ariho imigwi yose izoshikiriza ivyegeranyo mu nama ya bose. Umwe mu banyepolitike ari indani mu biganiro yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ariho hazoba uguharira nyezina kubibazo bitandukanye. Hazoca hakorwa n’icegeranyo cambere.

Ni inkuru y'umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru w'Ijwi ry'Amerika uri Arusha muri Tanzaniya.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:03:23 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG