Uko wahagera

Abayobozi b'Isi Biyemeje Guhana Abacuruza Abantu


Abakuru b'Ibihugu vya Burayi na Afrika mu nama i Abidjan muri Cote d'ivoire.
Abakuru b'Ibihugu vya Burayi na Afrika mu nama i Abidjan muri Cote d'ivoire.

Inama igira gatanu ihuza Uburayi na Afrika ku mugoroba wo kur’uyu gatatu yarumvikanye ku ngingo zihutirwa zikwiye gufatwa kugira basezerere burundu urudandazwa rw’Abimukira bafatwa nk’abaja rukorerwa mu gihugu ca Libiya.

Bimwe mu vyo bumvikanyeko, ni ugutahukana Abanyafrika bipfuza kuva muri Libiya, gushiraho igiporisi n’iperereza bituza abakora ubwo bubisha, gushinga komisiyo itohoza ivyo vyaha hamwe no kwumvisha urwaruka rwipfuza gufata izo ngendo ko ingaruka ari mbi.

Ivyo vyashikirijwe na Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, inyuma y’inama yihuta yagiranye n’ibihugu icenda birabwa n’ico kibazo.

Inyuma y’aho hashikirijwe amasanamu yerekana abimukira badandazwa nk’abaja muri Libiya, ikibazo c’Abimukira nico cagizwe intumbero y’inama iriko irahuza abakuru b’Ibihugu n’Amareta bashika 80 hamwe n’intumwa 5000 i Abidjan kuwa gatatu no kur’uyu wa kane.

Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari yemeye gutahukana abanyagihugu biwe bugarijwe muri Libiya no mu bindi bice vy’isi yemera kandi ko agiye kwagura imigambi y’iterambere mu gihugu ciwe.

Reta ya Nijeriya yatangaje ikoresheje urubuga rwayo rwa Twitter ko Abimukira babo 242 batahutse kur’uyu wa kabiri bava muri Libiya kandi ko abarenga 4,000 bamaze gutahuka mu mahoro mur’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG