Uko wahagera

Abiyahuzi Bane Bishe Abantu 12 muri Nijeriya


Abatabara bariko bakura ibiziga vy'abapfiriye mu bitero i Maiduguri, muri Nijeriya
Abatabara bariko bakura ibiziga vy'abapfiriye mu bitero i Maiduguri, muri Nijeriya

Abantu bashika cumi na babiri barishwe ku mugoroba wo kur’uyu wa gatatu mu bitero bine vyakozwe n’abiyahuzi i Maiduguri, mu buraruko bwa Nijeriya, igihugu kimaze imyaka umunani gihangana n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

Abiyahuzi bane bagizwe n’abagabo babiri hamwe n’abagore babiri biturikijeko ibisasu muri karatiye ya Muna Garage mu masaha ya sa kumi na zibiri y'umuhingamo mur’ako karere, ivyo vyashikirijwe na Bello Dambatta, arongoye ikigo gishinzwe ibikorwa vyo gutabara muri reta ya Borno (SEMA).

Abandi 22 bakomeretse batwawe mu bitaro. Amakuru atangwa n’uyo mutegetsi avuga ko umwiyahuzi wa mbere yiturikijeko igisasu ari mu bantu bariko barasenga mu masaha yo ku mugoroba, yica abantu indwi.

Uwugira kabiri yinjiye mu nzu aturitsa igisasu cishe umugore yari yibungenze hamwe n’umwana wiwe.

Abandi babiri basigaye biturikijeko ibisasu imbere yuko bashika aho bari batumbereye gutera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG