Uko wahagera

Umunyapolitiki Besigye wo muri Uganda Yarekuwe


Kizza Besigye atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda
Kizza Besigye atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda

Umutegetsi akomeye mu mugambwe utavuga rumwe na Reta ya Uganda, "Forum for Democratic Change", yamenyesheje ko Kizza Besigye n’abandi bantu batanu, bari bafatiwe rimwe bari mu myiyerekano yiyamiriza ihinyanyurwa ry'ibwirizwa nshingiro ry'igihugu, barekuwe barinze gutanga ingwati y’imiliyoni zitanu z’amashilingi y'Ubuganda.

Kizza Besisgye, na bagenzi we barekuwe inyuma y'amajoro atandatu bari bamaze mu munyororo,bagirizwa gutunganya imyiyerakano iciye kubiri n'amategeko no kugumura abanyagihugu. Ikindi bagirizwa, ni ugukoresha amakoraniro mu buryo butemewe n'amategeko.

Uko ari batandatu, bitegekanijwe ko barengukishwa imbere ya sentare y'igisagara ca Rukungiri kw’italiki ya munani z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Iryo hinyanyurwa ry'ibwirizwa nshingiro abatavuga rumwe n'ubutegetsi biyamiriza, rigamije gukuraho ingingo ivuga ko umukuru w’igihugu muri Uganda abwirizwa kuba afise imyaka iri hagati ya 35 na 75.

Ari nkahamwe iyo ngingo yovanwa mw'ibwirizwa nshingiro rya Uganda, Perezida Yoweri Museveni yemeza ko afise imyaka 73 y'amavuko, yoba afise uburengenzira bwo kwiyamamariza ikiringo kigira gatandatu mu mwaka w’i 2021.

Perezida Yoweri Museveni aramutswa Uganda kuva mu mwaka w'1986.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG