Uko wahagera

Laurence Ndadaye Asaba Ubutungane kw'iyicwa ry'Umutambukayi Wiwe


Laurence Ndadaye
Laurence Ndadaye

Umuphasoni w’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Melchior NDADAYE ntiyipfuza ko urubanza kw’igandagurwa ry’uwo yigeze kurongora Uburundi ruja mu minwe y’umurwi CVR.

Mu kiganiro ciwe ca mbere ku bamenyeshamakuru kuva uwahoze ari Umukuru w’igihugu c’Uburundi Melchior NDADAYE agandaguwe, Umupfasoni Laurence NDADAYE kur'uyu wa gatanu yashize ahabona bimwe mu vyamubabaje inyuma y’urupfu rw’umutambukanyi wiwe. Ivyo navyo bijanye n’amatohoza atazi aho yadindiriye.

Kubona uwo mupfasoni avuye mu gacerere inyuma y’imyaka 24 umugabo wiwe agandaguwe, ntibisigura ko ataco yakoze. Laurence NDADAYE yabwiye abamenyeshamakuru ko yagumye akurikiranira hafi iyo dosiye.

Umuphasoni Laurence ataka ubutungane avuga ko aribwo busanganye iyo dosiye.

Laurence Ndadaye Asaba Ubutungane kw'iyicwa ry'Umutambukayi Wiwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:20 0:00

Agasaba Leta y’Uburundi gukora ibishoboka kugira ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi bitere imbere.

Uwo mupfasoni w’incungu ya demokarasi asaba abarundi bose n’abategetsi ba kino gihugu guhagurukira rimwe bagasaba ko icatumye uwo bari bitoreye agandagurwa kimenyekana, ababikoze bagacirirwa urubereye.

Laurence NDADAYE yarangije asavye ko ubutungane bw’Uburundi bwobandanya urwo rubanza ubu ruri muri sentare gasamburamaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG