Uko wahagera

Imanza za Mbere Ku Barwanyi ba Boko Haram muri Nijeriya


Abarwanyi ba Boko Haram bari bafashwe na reta barekuwe inyuma y'aho nabo barekuriye abakobwa 82 bo mw'ishure rya Chibok, 2017.
Abarwanyi ba Boko Haram bari bafashwe na reta barekuwe inyuma y'aho nabo barekuriye abakobwa 82 bo mw'ishure rya Chibok, 2017.

Igihugu ca Nijerira kur’uyu wa mbere niho catangura guca imanza kivunga za mbere z’abagirizwa kuba abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa Boko haram.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Nijeriya buvuga ko abo barwanyi bashika ibihumbi bibiri bafashwe kuva aho Boko haram utanguriye kwica abantu mu mwaka w’2009. Abantu ibihumbi 20 nibo bamaze kwicwa n’uwo muhari abandi imiriyoni 2,6 bahungiye mu buraruko bw’igihugu.

Salihu Othman Isah avugira ubwo bushikiranganji amenyesha ko abarwanyi bashika 1.670 bapfungiwe mw’ikambi ya gisirikare y’I Kainji, aribo bategekanya kuburanishwa ubwa mbere, mu nyuma hazokurikire abandi 651 bapfungiwe mu kambi ya gisirikare y’I Giwa, I Maiduguri, ku murwa mukuru w’intara ya Borno iri mu buraruko.

Amenyesha kandi ko muri bose ata n’umwe azokwicwa, bazocirirwa ibihano bihuye n’ivyo bakoze.

Nta makuru y’ababuranishijwe kur’uyu wa mbere yatanzwe. Reta ya Nijeriya inegurwa n’abaharanira agateka ka muntu ko idaha uburenganzira abamenyeshamakuru bwo gukurikirana ingene izo manza zicibwa, akiyumvira ko hashobora kubamwo akarenganyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG