Uko wahagera

Abanyeliberiya Bazatora Umukuru w'Igihugu Mushasha


Abakozi ba Komisiyo y'Amatora bo muri Liberiya
Abakozi ba Komisiyo y'Amatora bo muri Liberiya

Ejo ku musi wa kabiri, Abanyeliberiya bazindukira mumatora y’umukuru w’igihugu. Bazohitamwo uwuzosubirira Perezida Ellen Johnson Sirleaf agiye kurangiza ikiringo ciwe ca kabiri.

Abakandida 20 nibo bariko bariyamamariza kumusibirira. Muribo harimwo icegera ciwe Joseph Boakai yahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru azwi cane. Yarigeze kandi guhangana nawe mumatora y’umukuru w’igihugu incuro z’ibiri.

Rosa Labah umwe mubanyagihugu bashigikiye umugambwe wa Perezida Sirleaf avuga ati: dukeneye umuntu ashobora gukorera aho yaragejeje akabandanirizaho.

Icegera c’umukuru w’igihugu asanzwe yemewe cane mubanyagihugu nk’umuhumure atarigera yagirizwa amanyanga namwe.

Yamara hari abashimishwa aho prezida Sirleaf yashikanye igihugu, ariko bakabona ko hakwiye kuza ihinduka. Abo nabo bashigikiye abatavuga rumwe na reta bo mumugambwe wa George Weah. Uwo Weah arashigikiwe muburyo buboneka mugihugu. Nawe nyene yarigeze kwiyamamaza ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Akaba azwi cane nawe nyene kubera yarigeze kuba umukinyi mpuzamakungu w’umupira w’amaguru, akaba kandi umukenguzamateka aturuka mu ntara ya Monteserrado. Weah afise icizere ko iyi ncuro igira gatatu azotahana intsinzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG