Uko wahagera

Igihuhusi Maria Cahitanye 13 muri Puerto Rico


Abantu cumi na batatu barapfuye mw’izinga rya Puerto Rico bahitanywe n’igihuhusi gikomeye cane, Maria. Ivyo vyatangajwe na bulamatari w’iyo ntara Ricardo Rossello.

Mu kiganiro yahaye televiziyo y’Abanyamerika, CNN, mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, Rossello yavuze kw’abategetsi bamaze gutabara abantu bagera ku majana indwi, bari bageramiwe n’umwuzurane.

Avuga kw’igihuhusi Mari ar’ico gikomeye cane kitari bwabe muri Puerto Rico mu kiringo c’imyaka ijana.

Bulamatari Ricardo avuga kw’igice kinini ca Puerto Rico kitagira uburyo bw’uguhanahana amakuru, akaba arico gituma igitigiri c’abantu cumi na batatu bamaze kumenyekana ko bapfuye ar’igitigiri c’agateganyo.

Abandi bantu cumi na bane bavurwa ko bapfuye kw’izinga rya Dominica, rifise abantu bagera ku bihumbi mirongo irindwi na kimwe.

Bulamatari w’intara ya Puerto Rico yatangaje mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu, ijisho ry’igihuhusi Maria ririko ryegereza amazinga ya Turks na Caicos n’imiyaga igenda ibilometero amajana abiri na bitanu kw’isaha.

Vyitezwe kw’igice co mu bumanuko bushira ubuseruko bw’amazinga ya Bahamas kigeramirwa bikomeye n’igihuhusi Maria, casinzikaje bikomeye cane izinga rya Republika Dominicaine imbere yaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG