Uko wahagera

Nkosazana Zuma Yagizwe Umudepite Muri Afurika y'Epfo


Nkosazana Clarice Dlamini-Zuma,
Nkosazana Clarice Dlamini-Zuma,

Nkosazana Dlamini-Zuma, yahoze ari umupfasoni wa perezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma yatangaje ko yasubiye kugenwa mu mabanga y’umudepite mu nama nshingamateka.

Ivyo bibonwa nk’intambwe ya nyuma mu mugambi w’ukuba perezida wa Afrika y’epfo mu myaka ibiri yimirije.

Itangazamakuru muri Afrika y’epfo ryamenyesheje ko Nkosazana Dlamini-Zuma, yarahiye mabanga y’umudepite aserukira umugambwe uri ku butegetsi, ANC.

Ku butumwa yashize kuri Twitter, yatangaje kw’asubiye mur’ayo mabanga n’ukwiyemeza gukomeye ku vyerekeye gufasha gushira mu ngiro ingingo z’umugambwe ANC, cane cane mu gihe uwo mugambwe uriko ugerageza gutuma ubuzima bw’abanyagihugu bwisununura kurushiriza.

Nkosazana Dlamini-Zuma, mur’iki gihe afise imyaka 68, abonwa kw’ariwe mukandida ar’imbere y’abandi bakandida bahiganirwa gusubirira perezida Zuma mu mabanga y’ukuyobora umugambwe ANC, mw’ikoraniro ry’uwo mugambwe rizoba mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Ivyo naho ataratangaza ku mugaragaro kw’azoba umukandida.

Prezida Zuma abonwa kw’ashira Nkosazana Dlamini-Zuma, bafitaniye abana bane, imbere y’icegera c’umukuru w’umugambwe ANC, Cyril Ramaphosa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG