Uko wahagera

Amerika Yarungitse Abandi Basirikare 3000 muri Afuganisitani


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika ku kibuga c'indege c' i Kandahar muri Afuganistani.
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika ku kibuga c'indege c' i Kandahar muri Afuganistani.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe kwivuna abansi, Jim Mattis yatangaje ko Amerika yarungitse abandi basirikare bashobora kurenga 3,000 muri Afghanistani, biyongera ku basanzweyo.

Mattis yabitangaje kur’uyu wa mbere, ariko yirinda kuvuga igitigiri nyezina kuko ngo vyoca bifasha umwansi.

Iryo rungikwa ry’abandi basirikare rizoca rishikana ku bitigiri birenga abasirikare ibihumbi 14 Amerika ifitiye muri Afuganistani mu kiringo kiriko cababa imyaka 16.

Abasirikare b’Amerika barungitswe mur’ico gihugu mu mwaka w’2001 kwirukana ubutegetsi burongowe n’Abatalibani hamwe n’akagwi k’abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa al-Qaida; inyuma y’igitero c’iterabwoba I New York na Washington categuwe na Osama bin Laden kw’itariki ya 11 z’ukwezi kw’icenda uyo mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG