Uko wahagera

Kameruni: Umwana w'Umwigeme Yakoze Igitero Cahitanye Batanu


Amasanamu ya kare.
Amasanamu ya kare.

Muri Kameruni, umwana w’umwigeme yiturikijeko igisasu, mu gihe yari m’umusigiti, m’uburaruko bw’ico gihugu, mu gitondo co kur’uyu wa gatatu. Ico gitero cahitanye abantu batanu bari mur’uwo musigiti, congera kirakomeretsa n’abandi.

Uwo mwigeme yar’afise imyaka iri hagati ya cumi n'ibiri na cumi n'itatu yinjiye mur’uwo musigiti mu masaha ya mbere y’igisabisho, nk’uko vyatangajwe n’uwurongoye intara ya Midjiyawa Bakary, iri hafi y’umupaka wa Kameruni na Nijeriya.

Nta murwi numwe gushik’ubu uriyitirira ico gitero. Yamara umuhari w’iterabwoba Boko Haram uramaze gukora ibitero bitari bike mur’ako karere, kagabura ibihugu vya Nijeriya, Tchad, Nijeri na Kameruni, mu ntumbero yo kuhashinga Reta ya Kisilamu. Ivyo bitero bikaba bikorwa akenshi n’abakenyezi hamwe n’abana.

Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, ryaratangaje mu ndwi iheze ko abantu bashika ku maana ane bamaze gusiga ubuzima mur’ivyo bitero, mu bihugu vya Nijeriya na Kameruni, kuva m’ukwezi kwa kane kw’uyu mwaka. Nayo kuva m’umwaka w’ibihumbi bibiri n'icenda, abashika ku bihumbi mirongo ibiri nibo bamaze gupfa, abarenga imiliyoni zibiri bakaba basigaye mu kangaratete.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG