Uko wahagera

Urudandaza Hagati y'Amerika na Maleziya


Prezida Trump wa Amerika na Najib Razak, Umushikiranganji wa mbere wa Maleziya.
Prezida Trump wa Amerika na Najib Razak, Umushikiranganji wa mbere wa Maleziya.

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yakiriye kur’uyu wa kabiri umushikiranganji wa mbere wa Maleziya, Najib Razak.

Prezida Trump yatangaje ko mur’uwo mubonano barabiye hamwe ibijanye n’imigenderanire y’ibihugu vyabo mu vyerekeye urudandaza, harimwo n’indege zo m’ubwoko bwa Boeing. Izo ndege zisanzwe zikora urudandaza ruri hagati y’imiliyaridi cumi, n’imiliyaridi mirongo ibiri z’amadolari, co kimwe n’urudandaza rw’imoteri z’indege.

Najib yatangaje ko amasezerano yagiranye na Prezida Trump afise ikiringo c’imyaka itanu. Yavuze kandi ko igihugu ciwe ciyemeje kurwanya iterabwoba, nk’umuhari wa Reta ya Kisilamu.

Yamara Najib yaraneguwe cane n’ibimenyeshamakuru bikorera muri Amerika, aho vyamutumye urutoke ko atwaza umukazo. Najib akavuga ko ar’amakuru y’ibinyoma, n’inyungu za politike.

Abahinga bavuga ko batatangajwe n’ukubona Prezida Trump yakiriye Najib Razak, n’aho ngo biteye amakenga. Bamenyesha ko imigenderanire ya Malaisie ikenewe mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo biri mw’ibahari riri m’ubumanuko bw’Ubushinwa, co kimwe n’ibibazo vy’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG