Uko wahagera

Kenya: Impari ku Vyavuye mu Matora Zirabandanya


Uhuru Kenyatta (i bubamfu) na Raila Odinga (i buryo)
Uhuru Kenyatta (i bubamfu) na Raila Odinga (i buryo)

Muri Kenya uruhagarara rujanye n’amatora rurabandanya, mu gihe Perezida Uhuru Kenyatta, yahora aramutswa ico gihugu yakoranije inama nshingamateka igizwe n’abanywanyi b’umugambwe uri k’ubutegetsi gusa.

Abashingamateka batavuga rumwe n’ubutegetsi ntibitabiye iyo nama, bivuye ko sentare nkuru y’igihugu iheruka gufuta ivyavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu, yabaye itariki umunani z’ukwezi guheze. Sentare yavuze ko ayo matora, yari yatsindiwe na Prezida Kenyatta, yaranzwe n’utunenge hamwe no kurenga ku mategeteko, mu gihe co guharura amajwi.

Kur’uyu wa kabiri, Prezida Kenyatta yatangaje ko ubuhinga bwa none, co kimwe n’ibisohoka mu bimenyeshamakuru bidakomeye kurusha ivyahiswemwo n’abanyagihugu. Mur’uwo mwanya, uwo bahiganywe mur’ayo matora, Raila Odinga akaba yari mu gisagara ca Kibera, I Nairobi, aho yatangaje ko ivyashikirijwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora, bitegerezwa gusubirwamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG