Uko wahagera

ONU Yafatiye Ibihano Koreya ya Ruguru


Ibihugu vyo ku mugabane wa Aziya, vyakiriye neza ingingo y’inama mpuzamakungu ifatira ibihano igihugu ca Koreya ya ruguru, yamara vyinshi mur’ivyo bihugu bivuga kw’ivyo bihano bishora kutagira ingaruka mbi n’imwe kur’ico gihugu.

Inama mpuzamakungu ijejwe umutekano ejo ku musi wa mbere, yarumvikanuye k ngingo ifatira igihugu ca Koreya ya ruguru ibindi bihano bishasha bikomeye, kubera ico gihugu casubiye kugerageza ikibombe ruhonyanganda.

Mu gihe ivyo bihano vyoshirwa mu ngirao, vyogabanya cane uburyo bw’igihugu ca Koreya ya ruguru bwo kuronka amafaranga y’agaciro hamwe n’ibitoro gikeneye gukoresha mur’uyo mugambi waco w’ibigwanisho ruhonyanganda biteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Ibihano vyari vyafashwe n’inama mpuzamakungu ijejwe umutekano mu kwezi kw’umunani, vyarabujije igihugu ca Korea ya ruguru gushora mu mahanga ibidandazwa vy’agaciro, vyahora vyinjiriza ico gihugu billiyoni zitatu z’amadolari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG