Uko wahagera

Ingwara yo Gucibwamwo Imaze Guhitana 4 I Bubanza


Abantu bane baramaze kwitaba Imana mu kigwati ca Kagwema ca komine Gihanga mu ntara ya Bubanza mu kiringo c’imisi itanu. Abo bantu bafashwe n’ingwara yo gucibwamwo ifise ibimenyetso nk’ivya cholera nkuko vyemezwa n’abajejwe intwaro kur’uwo mutumba.

Ku musi wa kane w’indwi iheze niho hatangura kwibonekeza abagwaye ingwara yo gucibwamwo kur’uwo mutumba wa Kagwema. Iyo nayo yari ifise ibimenyetso nk’ivya Cholera nk’uko vyemezwa n’umukuru w’uwo mutumba.

Igituma iyo ngwara iriko ifata abanya Kagwema n’isuku rike ritumwa n’amazi mabi ababa mur’ico kigwati bihereza. Ayo nayo bayavoma mu ruzi Rusizi amazi y’arwo asa n’intakazi.

Inyuma y’imisi itanu kuri 11 bafashwe bane baramaze kwitaba Imana kubera iyo ngwara abajejwe intwaro eka na bamwe mu baforoma bemeza ko ivurwa n’imiti ya Cholera.

Abajejwe intwaro bavuga ko bazi ico kibazo c’ubukene bw’amazi kur’uwo mutumba wa Kagwema.

Ku rwego rwa komine Gihanga ico kibazo c’amazi ntandaro y’iyo ngwara ifise ibimenyesto nka cholera mu gace ka Kagwema kari mu burengero bw’iyo komine kirazwi.

Ikigwati ca Kagwema kivugwamwo ubukene bw’amazi giharurwamwo imiryango irenga igihumbi n’amajana ane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG