Uko wahagera

Nyamugigima Imaze Kwica 58 muri Mexique


Amazu yasenyuwe na Nyamugigima muri Mexike Sept. 8, 2017.
Amazu yasenyuwe na Nyamugigima muri Mexike Sept. 8, 2017.

Abantu 58 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye bahitanwe na nyamugigima ikomeye yabaye m’ubumanuko bwa Mexique k’umusi wa kane.

Ivyo vyatangajwe na buramatari w’intara ya Oaxaca kur’uyu wa gatanu.

Abategetsi bavuga ko ibitigiri vy’abapfuye bishobora kwiyongera mu gihe ayandi makuru abandanya ashikirizwa.

Perezida wa Mexique, Enrique Pena Nieto,yatangaje ko yabaye nyamugigima ikomeye mu kiringo kirenga imyaka 100, inyuma y’iyabaye mu mwaka w’1985 yahitanye abaharurwa mu bihumbi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG