Uko wahagera

Papa Fransisiko m'Urugendo muri Kolombiya


Pope Francisiko ateruye umwana yambaye nkawe
Pope Francisiko ateruye umwana yambaye nkawe

Umwungere wa Ekleziya Katolika, Papa Francis, arashika mu gihugu ca Kolombiya kur’uyu wa gatatu m’urugendo rw’imisi itanu nkuko yavyemereye ico gihugu mu ntango z’umwaka w’2016 ko nicashika ku masezerano ahagarika intambara azokigendera.

Mwibuke ko haheze amezi make, abarwanyi b’umuhari FARC basinye amasezerano y’amahoro na reta ya Kolombiya, yahagaritse intambara y’abonse rimwe yar’imaze imyaka irenga 50.

Papa na Vatikano baragize uruhara mur’ivyo biganiro runini mu gihe bakoze imyaka itari mike kugira bagarukane amahoro mur’ico gihugu co muri Amerika yo m’ubumanuko.

Naho urwo rugendo rushimikiye ku mahoro, Vatikano ivuga ko har’ibindi birenze ivyo ruzoshikako birimwo kurwanya ubwicanyi, nkuko bishikirizwa n’intumwa ya Papa mu karere ka Amerika y’epfo, Guzman Carriquiry.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG