Uko wahagera

Uburundi, Tanzaniya na HCR Bumvikanye ku Kibazo c'Impunzi


Impunzi z'Abarundi muri Tanzaniya
Impunzi z'Abarundi muri Tanzaniya

Ama reta y’Uburundi, Tanzaniya, hamwe na HCR kur’uyu wa kane batangaje ko bashitse ku mwumvikano w’ukungene bagiye gutahukana impunzi z’Abarundi zipfuza gusubira mu gihugu cabo. Aho ni mugihe Tanzaniya cari kimaze imisi kibona kw’ivyo bikogwa vyatevye.

Ubu impande zose zegwa n’ico kibazo c’impunzi zipfuza gutaha, zivuga ko zigiye gukorana kugira bakure ico kibazo munzira, batahukane izo mpunzi m’umutekano no mu gateka kabo. Ivyo bikorwa bigiye gutangura mu ntago z’uku kwezi kw’icenda kugiye gutangura.

Mu kwezi guheze haravuzwe amajambo menshi anegura umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli, inyuma y’aho ahamagariye impunzi z’Abarundi gusubira mu gihugu cabo.

Muri iki gihe igihugu ca Tanzaniya kaciriye impunzi zishika kubihumbi 350 ziva mu bihugu bibanyi. Ibice birenga bibiri kuri bitatu biva mu Burundi.

Umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ashimitse yuko ata mpunzi zizosubizwa mu gihugu cabo ku nguvu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG