Uko wahagera

Abategetsi ba Esipanye Barabandanya Kurondera Abakoze Iterabwoba


Ibitero mu gihugu ca Esipanye
Ibitero mu gihugu ca Esipanye

Abategetsi mu gihugu ca Esipanye batangaje, uno musi ku wa mbere, ko bemera ko Younes Abouyaaqoub, umudereva yaroshe imodoka yariko atwara mu bantu mu gitero cabeye mu ndwi iheze mu gisagara ca Barcelone, ar’umunya Maroke w’imyaka mirongo ibiri n’ibiri.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu ntara ya Catalonia, Joaquim Forn yabwiye iradiyo Catalonia kw’ibintu vyose vyerekana ko Younes Abouyaaqoub, ariwe yariko atwara imodoka yiroshe mu bantu mu gisagara ca Barcelone mu gitero cabaye ku musi wa kane w’indwi iheze.

Abategetsi batangaje kw’igitigiri c’abapfuye mur ico gitero, ari cumi na batanu mu gihe abarenga ijana bakomeretse. Batangaza kandi ko batazi nimba Abouyaaqoub akiri mu gihugu.

Igipolisi cahagaritse abantu bane bikekwa mu gitero co ku musi wa kane w’indwi irangiye, mu gihe abasigaye bishwe n’igipolisi canke bahitanywe na bombe yaturikiye mu nzu barimwo, umusi umwe imbere y’igitero co mu gisagara ca Barcelone.

Igipolisi kiriko kiragira ibipimo vy’amaraso vya ADN ku bisigarira vy’abantu batowe mur’ iyo nzu, inyuma y’uko iyo bombe ihaturikiye, mu ntumbero yo gutohoza ukuri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG