Uko wahagera

Prezida Trump Arashikiriza Umugambi Afitiye Afuganistani


Prezida Donald Trump wa Amerika
Prezida Donald Trump wa Amerika

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ategekanya gushira ahabona umugambi Amerika ifitiye igihugu ca Afuganistani, mw’ijambo ryo kur’uyu wa mbere.

James Mattis, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, yavuze ko Prezida Trump yafashe ingingo ku bijanye na Afuganistani, yamara nta vyinshi yashikirije ku vyerekeye izo ngingo nshasha. Mattis yavuze kandi ko uwo mugambi uterekeye Afuganistani gusa yamara ko werekeye akarere kose ka Aziya y’ubumanuko.

Igihugu ca Afuganistani kiri mu biganiro bikomeye na Amerika. Ni mu gihe Prezida Trump avuga ko intsinzi mur’ico gihugu ishoboka cane, mbere akavuga ko atumva igituma abasirikare ba Amerika bamazeyo imyaka ishika kuri cumi n'indwi.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika buvuga ko burindiriye ingingo ya nyuma ya Prezida Trump, ijanye no kurungika abasirikare ibihumbi bine ba Amerika, bazoja kwiyongera kubasanzwe aho muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG