Uko wahagera

Somaliya: Abasirikare ba Reta Bigaruriye Igisagara ca Bariire


Inteko z'Ubumwe bwa Afrika, muri Somaliya
Inteko z'Ubumwe bwa Afrika, muri Somaliya

Inteko z’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ziri kumwe n’abasirikare ba Reta ya Somaliya, bigaruriye, kur’uyu wa gatandatu, igisagara ca Bariire, m’ubumanuko bw’Igihugu ca Somaliya, ahasanzwe hari ikirindiro c’abarwanyi b’umuhari al-Shabab.

Abategetsi mu gisirikare ca Somaliya bavuga ko uwo muhari wahunze ico gisagara inyuma y’intambara zikomeye zabereye hanze y’ico gisagara, aho abasirikare b’Igihugu binjiranye mu mpande zitatu z’ico gisagara.

Bariire gisanzwe ar’igisagara kiri ku birometero mirongo ine n'itanu gusa uja m’ubumanuko bw’umurwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio, kikaba cari carigaruriwe n’umuhari al-Shabab. Bivugwa ko mur’izo ntambara abanyagihugu indwi bashobora kuba bahasize ubuzima, na bane bakomeretse.

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyarahaye uburenganzira igisirikare ca Amerika bwo gukora ibitero ku barwanyi ba al-Shabab, bakorana na Al-Qaida muri Somaliya. Ikimenyetso c’uko Prezida Donald Trump yakomeje umugambi wiwe ku bijanye no gukoresha inguvu za gisirikare mur’ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG