Uko wahagera

Perezida wa Mali Yahagaritse Guhindura Ibwirizwa Nshingiro


Perezida Ibrahim Boubacar Keita wa Mali.
Perezida Ibrahim Boubacar Keita wa Mali.

Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keïta yatangaje ko ahagaritse umugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ciwe, umugambi war’umaze amezi wiyamirizwa n’abatavugarumwe nawe. Ivyo yabitangaje mw’ijoro ryo kuwa gatanu rishira uwa gatandatu.

Kw'italiki ya 21 ukwezi kwa gatandatu, reta ya Mali yashikirije ko yungururije kamarampaka yar’itegekanijwe kw’italiki 9 z’ukwezi kwa ndwi 2017.

Ihinyanyura ry’ibwirizwa nshingiro ryo mu 1992, ubwa mbere kuva haheze imyaka 25 ryari gukorwa mu ntumbero guhinyanyura amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe muri Mali yateweko imikono m’ukwezi kwa gatanu 2015 hagati ya reta n’abatavugarumwe nayo.

Amasezerano yari gushiraho inama nkenguzamateka hamwe na sentare irwanya abanyuruza itunga rya reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG