Uko wahagera

Espagne: Igipolisi Cishe Oukabir Yakoze Igitero Kuwa Kane


Abapolisi ba Espagne, mu gikorwa co guhiga abiyahuzi bakoze igitero mu gisagara ca Barcelone.
Abapolisi ba Espagne, mu gikorwa co guhiga abiyahuzi bakoze igitero mu gisagara ca Barcelone.

Ibinyamakuru bikorera mu gihugu ca Espagne vyatangaje ko Moussa Oukabir, yakoze igitero cahitanye abantu cumi na bane, kigakomeretsa n’abashika kw’ijana, yishwe n’igipolisi. Ivyeregeranyo vyari vyasohotse kur’uyu wa gatanu, bivuga ko Oukabir, afise imyaka cumi n'indwi, yar’uwa mbere k’urutonde rw’abantu batanu baronderwa n’igipolisi, mu gisagara ca Cambrils, inyuma y’amasaha make ico gitero kibaye.

Umutegetsi mu bajejwe umutekano aho muri Espagne yabwiye ikinyamakuru Associated Press ko Oukabir, ariwe yaratwaye imodoka yihaye inkumbi mur’ivyo bitero, akaba kandi yar’umwe mu bagabo batanu bariko bararonderwa n’igipolisi inyuma y’ico gitero.

Igipolisi catangaje kandi ko babiri mur’abo biyahuzi bapfuye. Kivuga yamara ko kibandanya kurondera abandi, harimwo umusore w’imyaka mirongo ibiri n'ibiri, azwi kw’izina rya Younes Abouyaaqoub.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG