Uko wahagera

KENYA: Kenyatta Ari Imbere Ya Odinga, Atemeye Ivyavuye Mu Matora


Raila Odinga, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Kenya, yatangaje uno musi ku wa gatatu kw’abagizi ba nabi bafise ubuhinga mu vyerekeye ivyuma vya ordinateri, binjinye mu vyuma vya ordinateri vy’umurwi w’igihugu ujejwe amatora, baraheza barasibanganya amajwi y’abantu batoye, maze bituma ayo matora acabamwo amahinyu.

Odinga amenyesha kw’ivyo vyatumye aca aja inyuma cane y’uwo bahiganwa, Perezida Uhuru Kenyatta.

Raila Odinga, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Kenya
Raila Odinga, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Kenya

Ikibanza ngurukanabumenyi c’urwego rw’igihugu rwigenga rujejwe amatora muri Kenya, cerekanye ku mutaga w’uno musi ku wa gatatu kw’amajwi ashika mirongo icenda n’ane kw’ijana, amaze guharurwa.

Perezida Kenyatata ari imbere ya Odinga. Afise amajwi 54 kw’ijana mu gihe Odinga afise amajwi 45 kw’ijana.

Umukuru w’urwego rw’igihugu rwigenga rujejwe amatora, Wafula Chebukati yatangaje kw’adashobora kwemeza canke guhakana niba ivyuma vya ordinateri vy’uwo murwi vyaratewe. Yamara yatangaje ko bazogira itohoza.

Rafael Tuju, umunyamabanga mukuru w’umugambwe wa Perezida Kenyatta, Jubelee Party, yriyamirije ivyagirizo vya Odinga, akaba yavuze ko bitagira ishingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG