Uko wahagera

Perezida Kenyatta Yasavye Abanyakenya Gutora mu Mutekano


Abanyakenya bazindutse gutora mu matora y’umukuru w’igihugu, arimwo impari nyinshi. Ibiro vyo gutoreramwo vyuguruwe mu gitondo ca kare uyu musi ku wa kabiri. Kenya kirimwo abanyagihugu imiliyoni 20 bakwije ibisabwa mu gutora.

Abanyakenya bariko bahitamwo hagati y'abakandida Uhuru Kenyatta hamwe n’umunyapolitike bahiganiwe ubutegetsi kuva kera, Raila Odinga. Ayo matora ariko arakwirikiranirwa hafi Afrika hose..

Ibiharuro bitohozwa vyerekana kw’abo bategetsi bashaka kunganya amajwi. Umurwi w’igihugu ca Kenya ujejwe gutunganya amatora uriko ukoresha amakarata akozwe mu buryo buhanitse bita biometric.

Inyuma y’aho ubuhinga bwari bwakoreshejwe mu matora mu mwaka uheze, bubereyemwo amahinyu, abatari bake bariko barakwirikiranira hafi umurwi ujejwe gutunganya amatora mu ntumbero yo kuraba kw’ubwo buhinga bushasha, bariko barakoresha, buhava bukora neza.

Perezida w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyata yateye akamo abanyagihugu kabasa gutora mu mahoro no mu mutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG