Uko wahagera

Amerika Imanyesha ko Itazokwivanga mu Bibazo vya Venezuela


کئی علاقوں میں لوگوں کو اپنی منزل مقصود پر پہنچنے کے لیے گھٹنوں گھٹنوں پانی میں چل کر جانا پڑتا ہے۔
کئی علاقوں میں لوگوں کو اپنی منزل مقصود پر پہنچنے کے لیے گھٹنوں گھٹنوں پانی میں چل کر جانا پڑتا ہے۔

Umuhanuzi muvy’umutekano mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, H.R McMaster yatangaje ko Amerika idategekanya kwinjira mu bibazo biri mu gihugu ca Venezuela. Ivyo yabivugiye mu kiganiro yatanze mu kinyamakuru MSNBC ca Amerika, kur’uyu wa gatandatu.

McMaster yavuze ko Amerika idashaka guha akaryo Prezida Nicolas Maduro wa Venezuela, ko kwagiriza ishirahamwe Yankees, rya Amerika, aryegekako ibibazo vy’ubutunzi bw’ico gihugu bwatitutse. Kubwa McMaster, ngo Prezida Maduro niwe yateye ivyo bibazo, kandi niwe atuma bidahera, akavuga ko ategerezwa kwemera amakosa kw’ari kuri we.

Kur’uyu wa gatandatu, igipolisi kikaba cari cazindutse cugariza ibiro vya Luisa Ortega Diaz, ari mubaneguye cane ingendo ya Prezida Maduro. Diaz yabwiye abamenyeshamakuru kw’abo basirikare bateye ibiro vyiwe, bakamubuza kwinjira. Avuga ko ar’intwaro y’igitugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG