Uko wahagera

Prezida Kagame Afise Ibice 98 kw'Ijana vy'amajwi y'Imfatakibanza


Prezida Kagame mu matora
Prezida Kagame mu matora

M’Urwanda, umurwi ujejwe gutunganya amatora watangaje ko Prezida Paul Kagame yatsindiye ikiringo kigira gatatu mu mabanga yo kuyobora Igihugu. Uwo murwi watangaje ko gushik’ubu ibiharuro nfatakibanza vyavuye mu matora, vyerekana ko Prezida Kagame afise ibice mirongo icenda n'umunani kw’ijana vy’amajwi.

Mw’ijambo yari yashikirije kw’iradiyo, mu gitondo co kur’uyu wa gatanu, Perezida Kagame yatangaje ko ari ikindi kiringo c’imyaka indwi, yo kwitaho ingorane z’abanyagihugu b’Urwanda, kandi ko ar’akaryo ko kuba abanyarwanda b’ukuri barajw’ishinga n’iterambere.

Perezida Kagame amaze imyaka cumi n'indwi ayobora Igihugu c’Urwanda. Amatora y’ibwirizwa shingiro yabaye mu buhimbi bibiri na cumi na gatanu, yemejwe n’ibice mirongo icenda n'umunani kw’ijana vy’abanyagihugu amuha uburenganzira bwo gushobora kuzoyobora Igihugu gushika mu bihumbi bibiri na mirongo itatu na kane.

Franck Habineza, ari mu bahiganwa na Prezida Kagame, aserukira umugambwe uharanira Demokrasi no gukingira ibikikije, yabwiye Ijwi rya Amerika ko abari bajejwe gucungera amatora, baturuka m’umugambwe wiwe, bahakaniwe kwinjira mu biro vy’amatora, yamara ko bahavuye bemererwa, babanje kubimenyesha uwo murwi.

Uwundi mukandida yari mur’iryo higanwa akaba yari Philipe Mpayimana, ata mugambwe n'umwe yaserukira.

Imigambwe icenda kuri cumi n'umwe ikorera mu gihugu c’Urwanda ikaba yari yemeje Prezida Kagame nk’umukandida bashigikiye. Abanywanyi ba Prezida bavuga ko bashima iteranmbere nko kwubaka amabarabara, amazi meza, n’inyubako nshasha z’amashure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG