Uko wahagera

Inama Nshingamateka Ya Mbere Yakoranye muri Venezuela


Abagize Inama Nshingamateka Barahira muri Venezuela
Abagize Inama Nshingamateka Barahira muri Venezuela

Inama nshingamateka nshasha ya Venezuela yakoranye mu nama yayo ya mbere kur’uyu wa gatanu k’umurwa mukuru Caracas. Iyo nama ibaye imisi mike inyuma y’aho amakungu hamwe n’abatavuga rumwe na reta, bari bamaze biyamiriza itorwa ryayo.

Abashingamateka 545 batowe kugira bashobore guhindura ibwirizwa shingiro nibo bitavye ivyo bikorwa. Ivyo vyabaye inyuma y’aho abatavuga rumwe na reta biyamirije ayo matora y’abashingamateka bavuga ko yabayemwo amahinyu.

Mw’itanganzo ryashikirijwe na Heather Nauert, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu, yamenyesheje ko Amerika itazokwemera ibikorwa vy’iyo nama nshingamateka.

Nauert yavuze kw’amatora aheruka kuba yo kubatora atemewe n’umurwi mpuzamakungu war’ujejwe kuyagenduza. Amerika ivuga kw’ako kagwi k’abashingamateka kavuye mu gikorwa co kugerageza kugumiza Perezida Nicolas Maduro ku butegetsi bw’igitugu, kandi burwanya Demokarasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG