Uko wahagera

Intambara Yasubiriye Kwaduka mu ntara ya Homs muri Siriya


Igisagara ca Homs, Syria.
Igisagara ca Homs, Syria.

Ibiro bijejwe kugenduza agateka ka zina muntu muri Siriya bivuga ko amasezerano ya gushira ibigwanisho hasi mu ntara ya Homs hagati mu gihugu yubahirijwe ikiringo c’amasaha 10. Inyuma y’ico kiringo abasirikare ba reta hamwe n’abagwanyi batavuga rumwe nabo basubiriye gutana mu mitwe.

Kur’uyu wa gatanu ivyo biro vy’agateka ka muntu bifise icicaro m’Ubwongereza, bitangaza ko humvikanye inkoho mu buraruko bw’igisagasra ca Homs ahitwa Farhaniyah, Teir Maalah, Um Sharshuh hamwe na hafi y’ahitwa al-Houla.

Ivyo biro bivuga kw’abarwanya reta batanguye kurasa mu kigwati ca Hos Tasnin na Javvurn hamwe n’utundi turere turimwo abasirikare ba reta mu ntara ya Homs.

Ntibiramenyekana neza abantu boba baguye muri iyo ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG