Uko wahagera

Amashirahamwe Rukristu mu Burundi Yifuriza Abanyarwanda Amatora Meza.


Umukenyezi ariko aratora mu Rwanda
Umukenyezi ariko aratora mu Rwanda

Amashirahamwe Rukristu mu Burundi yifuriza abanyarwanda amatora meza. Abahamagarira gushira aho intahe ishize bakemera uwuja kuyatsinda.

Ayo mashirahamwe anasaba umukuru w'igihugu mushasha mu Rwanda kuganira n'abategetsi b'Uburundi kugira imigenderanire isubire kuba myiza.

N’ubwo Ambassade y’u Rwanda itugururiye abanyarwanda baba mu Burundi kuyitoreramwo, umukuru w’igihugu nk’uko vyahora bigenda muri kahise, amatora ya perezida wa Republika mu Rwanda abari mu Burundi ntibayafata minenerwe.

Mbere nk’amashirahamwe y’abakirisu yo yemeza ko yanafashe n’umwanya wo gusengera ayo matora.

Aime Pascal Nduwimana atwara ishirahamwe MAC (Ministere Africain Pour La Compesion) riharanira impuhwe muri Afrika.

Umukuru wa MAC yipfuza kw’imigenderanire hagati y’Uburundi n’u Rwanda wanda yonagurwa vuba inyuma y’ishingwa ry’inzego nshasha mur’ico gihugu.

Nduwimana ahamagarira abategetsi b’ibihugu bibiri kuja hamwe bakaganira.

Uyu mwaka abanyarwanda baba mu Burundi nta mahirwe yo gutora baronse. Ambassade yabo bahora batoreramwo irugawe kuva ku musi wa gatatu w’iyi ndwi.

Abajejwe umutekano kur’iyo ambasade babwiye Ijwi ry’Amerika, ku wa kane ku mugoroba, kw’abakozi bakora mu buserukizi bw’u Rwanda i Bujumbura batashe gutorera i Kigali kandi kw’akazi kazosubira gukorwa ku musi wa mbere w’indwi iza.

Inkuru y’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Eloge Willy Kaneza:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG